IJAMBO RISHIKIRIJWE N’UMUSHINGAMATEKA EL HADJ HUSSEIN RADJABU INYUMA Y’UGUSOHOKA KWIWE MW’IBOHERO RIKURU RYA MPIMBA KU WA 1 NTWARANTE 2015

   

Ba Nyenicubahiro Bashingantahe, Bapfasoni mwese muserukira ibihugu vyanyu mu Burundi, na mwebwe murongoye Amashirahamwe Mpuzamakungu akorera mu Burundi, • Bavukanyi dusangiye Uburundi • Bagumyabanga ba CNDD-FDD namwe Bazigamibanga ba UPD-ZIGAMIBANGA,

Ndi n’iteka ryo gukengurukira Imana Nyenurukundo, Nyenimpuhwe n’ikigongwe yo yatuzigamye ikongera ikaturongora mu kiringo c’imyaka umunani y’amakuba yashikiye abatari bake mu bavukanyi twasangiye urugamba adasize inyuma twebwe nyene ubwacu, haba mu guturubikwa no gupfungwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba n’ahandi ; aha ntitwibagiye abahohotewe kugeza aho bangazwa.

Munkundire kandi nkengurukire bimwe bivuye ku mutima abarundi na cane cane abanyepolitike, abaserukira amadini, abaserukira amashirahamwe yo mu gihugu na Mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu n’abarongoye amaradiyo n’ibindi bimenyeshamakuru mu Burundi, ku mwitwarariko udasanzwe wo kutwitaho hamwe n’abandi barundi isinzi muri ivyo bihe bidasanzwe twaciyemwo. Turakengurukiye cane incuti n’abagenzi dusangiye ivyiyumviro vya politike, abo dusangiye umuryango w’amaraso, bitanze batiziganya mu kutugarukirako, muri abo hakaba harimwo n’abashingamateka bagize ivyago. Turashimiye kandi abahagarariye akarere n’amakungu, cane cane abahagarariye ishirahamwe ry’abashingamateka b’isi yose (UNION INTERPARLEMENTAIRE), rifise icicaro mu Buswisi ku kugene badushigikiye muri ico kiringo cose kugeza ubu.

Barundi, Barundikazi, • Bagumyabanga ba CNDD-FDD namwe Bazigamibanga ba UPD-ZIGAMIBANGA,

Ubu rero turidegemvya guhera mw’ijoro ryo ku wa 1 Ntwarante 2015, tubifashijwemwo n’incuti zacu twagendanye ku rugamba, barundi benewacu twagwanyirije hamwe akarenganyo, inzara, umutekano muke n’amagorwa turabateye akamo. Ehe raba ! Ivyo biri mu vyo twagwanije ariko n’ubu biraduhanze kandi vyitwako urugamba n’amasezerano yose abarundi bateye ko igikumu vyari vyaduhaye icizere.

Tubarungikiye ubutumwa bw’amahoro, umuvukano n’ubumwe atari ka bukuru bw’Umugambwe CNDD-FDD gusa warwanije akarenganyo n’igikenye, ariko kandi ka Muvukagihugu arangwa n’ukwubahiriza amategeko, agateka n’umwidegemvyo vy’umurundi wese nk’ikiremwa muntu.

Inyuma y’intambara y’abavukagihugu yasesetsemwo amaraso ya bene Burundi, tukayiburiramwo incuti n’abavukanyi benshi hahavuye haboneka amahoro n’umwidegemvyo. Murazi ariko ko Igihugu kitubakwa umunsi umwe, murazi kandi ko Demokarasi idashinga imizi inyuma y’ijoro rimwe gusa.

Kukaba nkako, Demokarasi, amahoro n’iterambere ry’igihugu bishemeye bisaba urugendo rurerure n’inguvu nyinshi, n’ishaka bishobora gutwara imyaka myinshi kandi bigakorwa n’urunganwe rwo mu bihe bitandukanye ku kigoro k’ibihe vyose. Ivyo nivyo twigishije abanywanyi bacu.

Ikibabaje rero, abaturwanya n’abashaka kudusamburira haba imbere canke inyuma y’Umugambwe CNDD-FDD, bitumwe n’inyota n’umwina w’ubutegetsi, baciye baja hamwe kugira babahubishe mu kubakura mu nzira irashe, gutyo bikunde bigarurire Umugambwe wanyu ariwo rwacu, bongere bahungabanye n’Umugambwe dusanzwe ducuditse UPD-ZIGAMIBANGA. Aho rero kwari ukugira boroherwe mu bubisha bw’ubwoko bwose, harimwo ubujanye no kunigira mu menshi Demokarasi ishingiye ku migambwe myinshi.

Barundi, Barundikazi, • Bagumyabanga ba CNDD-FDD namwe Bazigamibanga ba UPD-ZIGAMIBANGA,

Twihweje ibijanye n.amatungo ya Leta, nta n’umwe atotegera ko guhera mu mwaka w’2007, intwaro mbi, ugusesagura ubutunzi n’ayandi mabi menshi azingamitse abarundi aho bava bakagera dusanga vyirimonogoje.

Twisunze ugusesagura amatungo ya Leta, hari ivyabaye vyinshi bijanye n’ibiturire bivugwa mu mugambi wo gushira mu minwe y’abikorera utwabo n’ukugurisha amashirahamwe ya Reta, ugucukura mu kajagari ubutare, n’ibindi. Ivyo vyose bikaba vyama birangwa n’igipfungu mw’itangwa ry’amasoko.

Ku bijanye n’umutekano, amateka y’abanyagihugu haba mu burenganzira bwa buri wese no muri rusangi, waba umwidegemvyo mu vya politike yarahonyanzwe n’abari bajejwe kubakingira. Ivyo bisigugwa nuko abanyagihugu basigaye babura uwo baririra guhera mu mwaka w’2007, bagahangana n’uguturubikwa na bamwe bamwe bo mu nzego z’igipolisi na cane cane ukurengutswa kwurutavanako, n’uguhagarikwa n’iperereza vy’agasakisaki mu butungane hamwe no ugupfungirwa ubusa. Iipfungwa ry’abaharanira agateka ka zina muntu na bamwe mu bamenyeshamakuru nka Jean Claude KAVUMBAGU, Hassan RUVAKUKI, Pierre-Claver MBONIMPA, Bob RUGURIKA n’abandi tutadondaguye, riza rishimangira kuri iyo nsiguro.

Muri urwo rukurikirane nyene, amadosiye ajanye n’umutekano muke abandanya acafuza Uburundi. Ayakomakomeye ni nk’ayerekeye ubwicanyi ndengerabutungane, ibiziga vyamaze igihe bireremba mu kiyaga RWERU, igitero giheruka kubera mu ntara ya CIBITOKE cakozwe n’abitwaje ibirwanisho, kigakurikirwa n’ubundi bwicanyi buharurwa mu bubisha bw’ivyaha vyo mu ntambara.

Ku bijanye n’imigenderanire hagati y’Urwanda n’Uburundi mu matati yo kumbibe zavyo nayo, twokwibutsa ko ivyo bihugu bibiri vyumvikanye kw’ishirwaho ry’umurwi uhurikiyemwo impande zose kugira werekane ingene bokemura ico kibazo. Uduce turimwo impari duherereye mu ntara za CIBITOKE, KIRUNDO, MUYINGA na NGOZI. Ntawokwibagira ko hamaze kuba amanama menshi hagati y’ivyo bihugu bibiri ku bijanye n’ayo matati y’imbibe. Kuri ivyo, twomenyesha ko higeze kuba icuka kibi cibonekeje hagati y’ivyo bihugu bibanyi ku mutumba witwa SABANERWA, komine MWUMBA, mu ntara ya NGOZI. Ico cuka kibi caribonekeje kandi mu RUZO muri komine Giteranyi mu Ntara ya MUYINGA. Ivyo vyose bikaba biterwa no kudatahura kumwe insiguro zitangwa n’abanyagihugu b’impande zompi kubijanye n’uguta inzira kw’uruzi Kanyaru muri utwo duce.

Kuri uyu munsi uri hejuru, harageze ko abajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bokwitwrarika ico kibazo kimaze imyaka irenga mirongo itanu yose gishobora gutuma imigenderanire, umubano n’ubucuti hagati y’ivyo bihugu bibiri utosekara.

Ku bindi navyo, bivuye kuri Leta ya Petero NKURUNZIZA, na cane cane urwego rw’iperereza, ubwicanyi bwahitanye ababikira batatu babataliyanokazi bo mu kigo GUIDO MARIA CONCERTI co mu Kamenge bushobora gutuma imigenderanire hagati y’Uburundi n’ibihugu vya Bulaya muri rusangi, n’Uburundi na Vatikano ku ruhande rumwe itosekara rwose.

Ico kibazo gitegerezwa gotomorwa. Abagirizwa icaha bategerezwa kumenyekana hisunzwe gukorera hamwe kw’impande zose kugira hakingirwe imigenderanire n’ubucuti hagati y’ivyo bihugu vyose.

Nk’uko twabishikirije mu ntango, iruhande y’izo ngorane zose tudondaguye, hari n’ikibazo kijanye n’ubukene bwugarije abarundi ku rugero rudasanzwe, ubusumbasumbane mu vy’ubutunzi hagati y’abarundi buguma bwogererekana, ukubura akazi n’ingorane z’amatongo biraje ishinga abarundi b’ ubwoko n’intara zose. Ayo mabi yose atuma haba icuka kibi muri politike n’imibano cama kizana indyane mu Burundi.

Akajagari kibonekeza mw’itunganywa rya CNDD-FDD karatosekaje imigenderanire hagati y’Umugambwe wacu n’umugambwe UPD-ZIGAMBANGA yarifise uburambe bwo mubihe vy’urugamba rwari ruhitiye. Abanywanyi b’iyo migambwe ibiri birinze guhemuka, bapfunditse ingingo mu bwigenge bwabo, yo kunagura ubucuti bw,intamenwa kugira bashobore gushikana abarundi mu buzima bwiza bujanye n’ibihe vya none. Iyo migenderanire ni myiza kandi ni umushinge ushobora gutuma abanywanyi b’iyo migmbwe ibiri batotejwe batora agahengwe. Twibutse ko mu banywanyi bayo batotejwe, uretse abaganaguwe nza ubwa mbere. Ivyo bikagaragarira kw’ipfungwa ryacu guhera kw’igenerezo rya 27 Ndamukiza 2007.

Iterabwoba ritagirizina, ipfungwa n’ubwicanyi bwa bamwe bamwe, ipfungwa n’ubwicanyi vyakorewe abatuyoboka ntivyasize inyuma abanywanyi b’iyindi migambwe nka MSD na FNL. Ivyo ni ibimenyetso bigaragara vyama biranga abarongozi bamwe bamwe batagira ikinya co gutera umudugararo mu gihugu. Kubera ivyo vyose, urunani ruhuza abarundi bose, ubwoko bwose, imigambwe yose n’imico yose, abanyepolitike n’abadaharanira inyungu za politike rurakenewe kugira dushobore guhindura burundu mu barundi ingendo izingamika Demokarasi.

Barundi, Barundikazi,
Bagumyabanga ba CNDD-FDD namwe Bazigamibanga ba UPD-ZIGAMIBANGA,

Umugambwe CNDD-FDD mwamenye mu mwaka w’2005 si wo babereka uyu munsi. CNDD-FDD dusanzwe tuzi n’umugambwe wera nk’amazi yo kw’iteke canke y’isoko, kandi niko azoguma.

Ni urya wemeye gukurikiza amasezerano ya Arusha kandi wemeye gutera igikumu ku masezerano yo guhagarika intambara hamwe na Reta Mfatakibanza ku wa 16 Munyonyo 2003. Ntidushobora rero kwemanga amabi yose yakozwe n’abashinze iyo CNDD FDD y’icaduka yavutse kw’igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2007 canke incoreke zabo.

Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA Petero ariko yegereza mu mpera y’ikiringo ciwe ca kabiri arico ca nyuma c’ubutegetsi bwiwe, nkuko bisigurwa n’ ibwirizwa Nshingiro, amasezerano ya Arusha n’ayandi mategeko yose y’Umugambwe CNDD-FDD. Ugushaka guhindura Ibwirizwa Nshingiro kugira ashobore gushikira ikiringo kigira gatatu canke ibindi biringo vyinshi nkuko yarose kuva kera, ni uguta umwanya wiwe. Nta murundi n’umwe ashobora canke azokwigera abimurekurira.

Ukubandanya gusomesha abandi ibwirizwa nshingiro amaso yiwe, ku nyungu ziwe kandi bizwi ko yishiriyeho umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Nshingiro barindiririye mu mayira abiri ngo bamwegurire uburenganzira bwo kwitoza hahonyanzwe amategeko, ni inzira itazoshikana Petero Nkurunziza ahariho hose.

Kugira dutomorere abarundi n’amakungu, turasubiriye kwemeza icese ko vyagaragaye yuko abarundi bose, babicishije ku babarongoye haba mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, mu imigambwe , mu madini bagaragaza umutima wo guharanira amahoro n’iyubahirizwa ry’ammategeko mu gihugu, ataco batazokora kugira biyamirize ingendo yo gusenyura Ibwirizwa Nshingiro. Barabisiguye bihagije kandi ivyo biraturemesha.

Barundi, Barundikazi,
• Bagumyabanga ba CNDD-FDD namwe Bazigamibanga ba UPD-ZIGAMIBANGA,

Kubera izo mvo zose, twahagurukiye rimwe kugira duharanire amateka yacu, gutyo dushobore kwubaka igihugu giteye imbere mu vya politike n’ubutunzi. Kugira tubishikeko, dutegerezwa kugira ubwigenge bwose na cane cane :

• Ubutungane bwigenga koko ;
• Ibimenyeshamakuru vyigenga
;

Twipfuza kandi ko twiyunga twese, tugahagurukira rimwe mu guharanira amahoro, ubumwe, ubutungane n’iterambere, Demokarasi n’ubuntu bwa buri wese, bituma dushobora kubana neza nkuko twipfuza mu vyo twita ubutandukane bwacu.

Kugira tubishikeko, ugukunda igihugu kw’umwe umwe kurashobora kudukura mu minwe y’izo nkozi z’ikibi zipfuza kudusubiza mw’ihumbi n’indyane. Umwuka mu vya politike n’imibano turimwo ubu birandukanye cane n’uwo twaharaniye. Kukaba nkako, CNDD-FDD y’ukuri kandi yemewe yari yafashe ingingo yo gufata ibirwanisho kugira igarukane ubutungane, Demokarasi, Amahoro n’Iterambere, gutyo ishobore kubandanya kwubaka bwa Burundi bushasha aho umwe wese ashobora gufungura neza, agashobora kurungika abana ku mashure no kubavuza ata kuvangura.

Imigambi yacu ya politike abatari bake na cane cane abagumyabanga ba CNDD-FDD n’abazigamibanga ba UPD-ZIGAMIBANGA batoye mu mwaka w’2005 izoguma ari umushinge n’ inkinzo yacu ku rugamba gwa politike haba mu amatora twimirije no muri kazoza k’Uburundi.

Barundi, Barundikazi,

Amabanga aturindiriye twese muri iki gihe ni menshi cane. Abarundi n’amakungu baduhanze amaso. Dutegerezwa gukora twivuye inyuma n’ubwitonzi bwinshi gushika ku ntsinzi nyayo ya Demokarasi ariwo muhora w’abazimya muriro bamaze kwerekana ugushaka kwo gufasha guteza imbere igihugu cacu.

Ku bari mu nzego z’umutekano no kwivuna abansi,

Tubateye aka kamo nk’umurundi yubahiriza amategeko n’ubutungane kugira tubasabe kwubaha n’ukwubahiriza amteka n’amategeko y’igihugu, amasezerano mpuzamakungu, cane cane ayerekeye agateka ka zina muntu n’ubwigenge bw’abanyagihugu. Ibi rero biri mu ntumbero mwihaye muri ibi bihe vy’imbere y’amatora, mu matora, inyuma y’amatora n’iminsi yose. Ubutwari bwanyu, ugukunda igihugu, ubuntu n’ukwubaha amateka ya Repubulika bitegerezwa kwubahirizwa iminsi yose. Umwe wese ku giti ciwe canke mu kivunga, mwirinde gukoreshwa kuko vyohava bibakwegera akarambaraye. Ugupfunga no gusesa amaraso ya benewanyu mwari mujejwe gukingira mubigire indahiro. Ntimufise uburenganzira na bumwe bwo kubohera abarundi ku babatwaza igikenye bongera babacura bufuni na buhoro. Mumenye ko ivyo batopfa bavyemeye.

<>Namwe ba Nyenicubahiro Bashingantahe, Bapfasoni mwese muserukira ibihugu vyanyu mu Burundi, na mwebwe murongoye Amashirahamwe Mpuzamakungu akorera mu Burundi,

Dukundire ubwa mbere tubakengurukire twongere tubakeze ku ntererano yanyu mw’iterambere ry’igihugu, aho turiko tugerageza guteza imbere igihugu, mw’itunganywa ry’amatora yimirije, no ku mwete n’ukuri vyabaranze mu biganiro abanyepolitike bagiriraniye na Leta.

Ku rundi ruhande ntawokwibagira kubibutsa ko muri ivyabona bidasanzwe vy’ibiba mu Burundi.

Kukaba nkako, intwaro ya Petero NKURUNZIZA yaratunganije imigambi y’iterambere itari mike mu bice bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu, uburimyi, amagara y’abantu, n’ibindi….ariko umwimbu wagumye ari intica ntikize umuntu yihweje ivyo abarundi n’abafasha Uburundi bari biteze kandi bizigiye bitewe no kudashira mu ngiro ivyemewe imbere y’abasanzwe bafasha Uburundi muri rusangi canke ababufasha biharijwe. Ntitwokwibagira kandi itangwa ry’imfashanyo zihabwa Leta ziri kurugero ruguma rugabanuka cane bigatera ingaruka mbi nyinshi.

Ba Nyakwubahwa, Bashingantahe, Bapfasoni,

Amwe mu mabanga ntayegayezwa y’uwuserukira igihugu ciwe, ni ukukimenyesha ibibera mu gihugu yarungitswemwo. Ku vyerekeye Uburundi, mufise ivyo mushikiriza vyinshi. Mu vy’ukuri, naho hari imigambi itari mike yo guteza imbere igihugu, abanyagihgu bugarijwe n’ubukene ku rugero rudasanzwe, umutekano muke n’amikoro make. Ivyo vyunyugwa n’akanovera k’indero n’ukwivuza vyatitutse.

Ibiciro vy’ukwiyunguruza n’ivya nkenerwa vya misi yose ndetse no mu bifungugwa, biguma biduga ku rugero rudasanzwe, haba kubera ugushaka gutunga ivy’umurengera ku bari kubutegetsi, canke ifaranga ryataye agaciro mu gihe imishahara y’abakozi itagishobora gushika ku mwisho w’ukwezi. Muri make rero, ubuzima bwarazimvye cane, ubutegetsi bukaba butagira inyishu. Uko bigenda kwose, Uburundi burabakeneye n’intererano yanyu. Turabasavye mutubere abasiguzi mu bihugu n’amashirahamwe muserukira kugira mudukandire dushobore kuva mu nyenga ubutegetsi bwa NKURUNZIZA Petero bwadushizemwo.

• Ku mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike , abamenyshamakuru n’Amasendika,

Twipfuza kubakengurukira no kubakeza ku bikorwa vy’iteka mwaranguye mu kurwanira agateka k’abanyagihugu na mwebwe nyene muharurwamwo. Turabakeje kandi ku bwira n’ukwitanga kubaranga mu kugwanya akarenganyo, umutekano muke, isesagurwa ry’amatungo ya Leta n’ubutunzi n’ayandi mabi yose yugarije abarundi.

Murabizi ! Kumbure murategera uyu munsi gusumba mu 2007 ko mu mugambwe CNDD-FDD, twe n’abadushigikiye twari twavuze tuti : NTA gikenye, NTA karenganyo, NTA ntwaro mbi, NTA terabwoba, NTA guturubikwa mu butungane n’igipolisi, guhonyanga Ibwirizwa Nshingiro , amasezerano yateweko igikumu n’ubwigenge bw’abanyagihugu.

Nk’uko vyabaye ku bagenzi bacu muri politike, vyatumye dupfungwa ku gahotoro, ugukurwa mu mabanga y’igihugu hadashizwe inyuma no kutubahiriza ibiringo vy’abashingamateka bahawe n’abanyagihugu, umugambwe wacu CNDD-FDD nawo nyene ntiwarusimvye kuko ubundi butegetsi bw’icaduka bwaciye bwisungarika. Sentare ntahinyuzwa yagize ingorane zo guca urubanza, yotubera icabona. Hagati y’abari bemewe n’amategeko ba CNDD-FDD n’ako karwi katemewe n’itegeko na rimwe, vyarayitaye ku w’amazi kugira aho ihagaze ari navyo vyatumye Petero NKURUNZIZA n’akarwi kiwe bigomeka ku rwego rwo hejuru rurengera umugambwe bishimikije inama bise iy’inararibonye.

Ikurwa ry’abashingamateka 22 mu kiringo c’intwaro ca mbere ryabaye ikimenyetso kigaragara. Turiteguye gukorana n’abandi bose bafise ishaka ryo guhindura umwuka mubi wa politike urangwa mu Burundi tubicishije mu matora yo ku mugaragaro, yisanzuye kandi arangwamwo Demokarasi. Ariko ntitworeka kwerekana umubabaro utegwa n’amanyanga yamaze kwibonekeza mw’iyandikwa rya mbere ry’abazotora yerekana ko ata muco uzoyarangwamwo. Kuri ivyo vyose twongerako ubukozi bw’ikibi buranga abategetsi bamwe bamwe bwibonekeza mu guturubika no gutoteza bamwe mu ndongozi z’imigambwe n’abayoboke babo batavuga rumwe n’abatware.

Imana Ikingire Uburundi,
Imana Ikingire abaharanira vy’ukuri Demokarasi mu Burundi,

Murakoze !

Toutes les actualités
 

Ban-Ki moon demande à ce dernier de bien mûrir sa réflexion avant de prendre une décision et de peser les conséquences

image

Au téléphone ce vendredi avec le président Pierre Nkurunziza, le secrétaire général des Nations-Unies, Ban-Ki moon, a exhorté le numéro Un burundais d’examiner attentivement les conséquences potentielles, pour le pays et son héritage, de ses décisions dans la perspective de l’élection présidentielle.

Pour Pr Gervais Gatunange, un des législateurs de la Constitution en vigueur et Sylvestre Ntibantunganya, ancien président de la République

image

Du choc des idées jaillit la lumière, dit-on. Malgré la clarté de l’Accord d’Arusha et de la Constitution, constate Janvier Bizimana, secrétaire général du Forum pour la Conscience et le Développement (Focode)..

Au nom de la coordination à l’étranger de l’Adc Ikibiri, Pancrace Cimpaye saisit Ban Ki-Moon, pour dénoncer la préparation des massacres au Burundi à travers l’armement des Imbonerakure.

image

« De hauts responsables politiques et militaires proches du président de la République sont en train de distribuer des armes à la milice Imbonerakure à travers tout le pays », déclare Pancrace Cimpaye, coordonnateur de l’Adc Ikibiri à l’étranger.